Amakuru
14 septembre 2021

Abubatse mu bibanza vya leta barasabwa kubisubiza mu maguru masha

Abantu bose bubatse mu bibanza vya leta bategerezwa kubisubiza mu maguru masha bongeyeko ihadabu ry’amafranga ibihumbi ijana birenga. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura. Abo bari barihaye ibibanza vya leta bakaba kandi aribo bazoriha amafranga ajanye no kubomora ivyo bari barahubatse.