Amakuru
2 juin 2021

Abicanyi bateye mu bumanuko bw’igihugu mu 1972 bari bahawe ibirwanisho n’ubutegetsi bwa Michel Micombero

Abicanyi bateye mu bumanuko bw’igihugu mu mwaka w’1972 bari bahawe ibirwanisho n’ubutegetsi bwa Michel Micombero. Ibi ni ibishikirizwa na Sylvestre Ntibantunganya, yahoze arongoye Uburundi. Yabishikirije ku wa gatanu uheze mu kiganiro cari categuwe n’Inama nkenguzamateka. Ntibantunganya aho yariko araremesha ikiganiro, yemeje ko abo bicanyi batumwe n’ubutegetsi kugira buronke icitwazo co gukora ihonyabwoko ry’abahutu.