Amakuru
10 août 2022

Abavyeyi ni babe maso, abana benshi bijukiye kunywa ibiyayuramutwe

Abanyagisagara ca Bujumbura barakwiye kwijukira gukora isuku mu gisagara cabo. Ako ni akamo gaterwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana. Ako kamo akaba yagateye mu birori vyaraye bibaye kuri uyu wa mbere aho hariko hahimbazwa umunsi wahariwe amakomine mu gihugu cose. Jimmy Hatungimana ahamagarira kandi abavyeyi kwitaho abana babo kugira ntibajanwe kunywa ibiyayuramutwe.