Amakuru
3 juillet 2021

Abavyeyi basabwa kwitondera amazina bita abana

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » dushikirizwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, uwo muhari ubashikiriza akamaro k’izina hamwe n’ibiranga izina ry’umuntu nk’uko bitegekanywa n’itegeko-bwirizwa N° 01/204 ryo ku wa 28 Ndamukiza 1993 rigenga ingo n’imiryango, mu gice caryo ca 2. Uwo muhari umenyesha kandi ko Abarundi badaha agaciro gakwiye izina ryabo kandi ari ryo ribaranga. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, ahamagarira abavyeyi ko batofata minenerwe igikorwa co kwita izina abana babo.