Amakuru
18 août 2023

Abavyeyi basabwa gucandagisha abana babo indwara y’ubukangwe imaze kwibonekeza mu gihugu

Kuri uyu wa kane, itariki 17 Myandagaro, ni ho hatangura isekeza rya kabiri ryo gukinga indwara y’ubukangwe mu Burundi. Ico gikorwa kikazosozerwa itariki 22 Myandagaro. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Dr Sylvie Nzeyimana akavuga ko hazokingirwa abana b’imyaka 0-7. Agahamagarira abavyeyi kwitabira iryo sekeza ku bwinshi, kuko ico kiza kimaze kwibonekeza mu gihugu.