Amakuru
17 novembre 2023

Abatutsi bo muri Congo barashobora guhonywa kubera ababikoze mu karere batahanywe (Umusesanguzi)

Ihonyabwoko ry’Abatutsi bo muri Congo rirashobora kuba umwanya uwo ari wo wose. Ayo makenga ava ku ngendo y’abategetsi ba Congo bararikira urwaruka kwica Abatutsi mu kuruhimiriza gufata ibirwanisho kugira barwane n’umuhari M23. Dr Emmanuel Nkurunziza, yanonosoye gusesangura imvugo n’ibijanye n’ihonyabwoko, amenyesha ko ukudahana abakoze ihonyabwoko ry’Abatutsi mu karere ari kwo kuzotuma risubira.