Amakuru
10 avril 2024

Abarega Urwanda ko rushigikiye M23 na bo nyene botegerejwe kubikora (P. Kagame)

Gushaka kumenya nimba Urwanda rushigikiye canke rudashigikiye M23 ni ukuyovya abantu. Kuko igikomeye ari ukumenya M23 ico ari co, n’igituma uwo muhari wafashe ibirwanisho. Ivyo bishikirizwa na Paul Kagame. Hari ku munsi wa mbere umukuru w’Igihugu c’Urwanda yaremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu gihe Urwanda ruriko rwibuka ubugira 30 inyuma y’uko habaye ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi. Ku bwa Paul Kagame, ahubwo ababaza ico kibazo ni bo bari mu makosa kubona badashigikiye M23.