Amakuru
4 avril 2024

Gutora umukenyezi ngo arongore leta ya Congo gutanga icizere ku kwubahiriza iterambere ridakumira

Judith Suminwa Tuluka ni we yagenwe kugira abe umushikiranganji wa Mbere muri iki kiringo ca kabiri ca Félix Tshisekedi. Abaye umukenyezi wa mbere agiye muri ico kibanza kuva Congo yikukira. Ivyo bikaba bitanga icizere ko hashobora kuba bamwe mu bakenyezi bashirwa mu mabanga y’igihugu gusumba uko vyahora. Judith Suminwa Tuluka akaba asubiriye Sama Lukonde yahavuye atanga imihoho kugira hashingwe leta nshasha.