Kuganira n’abarwizatunga, inzira y’iterambere ry’ubutunzi ridakumira. Ico ni co cari icivugo c’inama rukokoma igira kabiri y’abarwizatunga bakorera mu gisata c’abikorera ivyabo, inama bise « Umuzinga Day ». Iyo nama yamaze iminsi ibiri kuva kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo uyu mwaka. Kabaye akaryo ku mukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, ko kunegura uko abo barwizatunga bakora batisunze amategeko. None umukuru w’igihugu yoba afise inguvu zingana gute kugira afate ingingo ruhasha ku barwizatunga batisunga amategeko ?
Amakuru
6 décembre 2023