Amakuru
17 novembre 2022

Abategetsi bose botegerejwe gufatira akarorero ku Muhuza kugira bavuge amatungo yabo

Kumenyesha amatungo ku bategetsi ni vyiza kuko bifasha gukomeza intwaro ibereye. Vyemezwa na Edouard Nduwimana, Umuhuza w’Abarundi. Avuga ko na we nyene yabikoze kandi abandi bomufatirako akarorero. Yabishikirije ku munsi wa kabiri aho yariko agirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru ku vyo urwego rwiwe rwakoze.