Amakuru
19 novembre 2022

Igenwa ry’abantu baja mu kibanza c’Umuhuza w’Abarundi ritesha agaciro urwo rwego

Aimée Laurentine Kanyana, co kimwe n’uwo asubiriye, ntakwiye guhabwa amabanga y’Umuhuza w’Abarundi. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi, RDB. Avuga ko ari umuntu yamye yerekana ko mu vyo akora, akurikiza amategeko y’umugambwe uri ku butegetsi. Jérémie Minani atanga uturorero tutari duke tw’amabanga akomakomeye yagiye arashingwa, aho yagiye arerekana uko agendera kuri ayo mategeko ya CNDD-FDD. Aimée Laurentine Kanyana yatowe ejo n’Inama nshingamateka, akaba akurikiye Edouard Nduwimana asoje ikiringo ciwe c’imyaka itandatu.