Amakuru
20 novembre 2021

Abategetsi bicandagishije vyotuma abanyagihugu bijukira urukingo rwa Corona

Abategetsi b’Uburundi ngo bari bakwiye gufata iya mbere mu kuja kwicandagisha, kugira ngo batange akarorero keza mu banyagihugu. Ni ubutumwa bw’Urunani FODIB ruhurikiyemwo amashirahamwe y’Abarundi baba i Buraya. Ni mw’isekeza ryo guhimiriza Abarundi kwirinda no kwikingira ikiza ca Corona. Bishikirizwa na Oscar Butare, arongoye urwo runani. Arongera agatera akamo abo bategetsi ko aribo bari bakwiye guhimiriza Abarundi kwicandagisha ku bwinshi.