Amakuru
20 août 2021

Abategetsi bategerezwa gufata ingingo nziza zijanye n’ibihe turimwo

Abategetsi bategerezwa gufata ingingo nziza zijanye n’ibihe turimwo. Ayo ni amajambo akoreshwa na Francis Rohero, yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe mu matora aheruka, mu kunegura ingendo ya leta ku bijanye no kwikingira ikiza ca Corona hakoreshejwe incanco. Ku bwiwe, ngo abategetsi botegerejwe kwereka inzira abanyagihugu mu kwikingira ubwa mbere, bakabatinyura.