Amakuru
13 avril 2024

Abategetsi bari mu rudandazwa bari mu batembagaza amashirahamwe (OLUCOME)

Abategetsi b’Uburundi bakwiye kuvavanura n’ingeso mbi yo kuba abadandaza mu gihe bategerezwa guhagararira urudandazwa. Ni akamo k’ishirahamwe OLUCOME, rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta, mu kiganiro Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kane. Ikindi yibutsa ni uko hari amashirahamwe menshi yahomvye kubera bamwe mu bategetsi babigizemwo uruhara, kandi ari bo bari bajejwe guhagararira ayo mashirahamwe.