Amakuru
30 janvier 2024

Abashingwamanza bibaza ko bafise uburenganzira bwo gupfunga no gupfungura abantu (D. Banyankimbona)

Hari abanyororo benshi barekuwe n’ubutungane, abandi bahejeje ikiringo co gupfungwa baciriwe n’ubutungane ariko n’ubu bakivundiye mu mabohero yo hirya no hino mu gihugu. Tubisanga mu cegeranyo co muri kuno kwezi kwa nzero umwaka w’2024 c’ishirahamwe rukristu ryiyemeje kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi (ACAT-Burundi). Ako karenganyo abo banyororo barimwo karazwi n’abakenguzamateka, n’ubushikiranganji bw’Ubutungane.
None ni nde yotabara abo banyororo mu gihe ubutungane bwananiwe ?