Amakuru
15 avril 2022

Abarundi ntibari bakwiye kugira amakenga ku ncanco zirwanya ikiza ca Corona

Incanco z’ikiza ca Corona nta ngaruka mbi zifise ku muntu afise hejuru y’imyaka 18. Vyashikirijwe na Muganga Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Hari mu nama yo kwiga integuro y’ibwirizwa ryemeza amasezerano yabaye hagati y’Uburundi n’ibanki y’isi yose y’amafaranga yiyongera ku yari amaze gutangwa mu guhangana n’ikiza ca Corona. Akaba yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka aho bariko barabaza ico ayo mafaranga aje gukora, mu gihe uwicandagishije ashobora gusubira kurwara akanasinzikara.