Amakuru
2 juillet 2022

Abarundi ni bo bazoriha biciye mu makori ibice 40 % vyongewe ku mafaranga leta izokoresha mu 2023

Integuro nshasha y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza w’2023 angana n’imiliyaridi 2193 z’amarundi. Akaba yavuye ku miliyaridi 1562 yakoreshejwe muri uyu mwaka, ni ukuvuga ko ayo mafaranga yadugijwe ku bice mirongo ine kw’ijana. None ayo mafaranga azogabanganwa gute nk’uko biri muri iyo nteguro ? Ni mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA, hamwe na Télé Renaissance mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura ».