Amakuru
29 octobre 2022

Abarundi birukanwa i Buraya bakeneye kwakiranwa iteka ntibakeneye guterwa ubwoba

Abarundi bariko barirukanwa mu bihugu vy’i Buraya bakeneye kwakirwa bahabwa ikaze. Na yo amajambo y’iterabwoba yo kubahana y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano arateye isoni. Ivyo bivugwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi b’intungane. Akavuga ko abo Barundi bategerezwa kwubahirizwa mu gateka kabo.