Amakuru
13 mai 2022

Abarundi bashonje kubera batarya ibifyera canke borore imisiba ?

Umukuru w’Igihugu yari akwiye gufata umwanya akigisha ibintu vy’ingirakamaro abanyagihugu hako abahatira gukora ivyo batazi. Vyashikirijwe na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ni inyuma y’ikiganiro umukuru w’Igihugu yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, avuga ko inzara n’ubukene bihari biterwa n’uko Abarundi batarya ibifyera, ibikogoshi n’ibindi bikoko. Marie Louise Baricako avuga ko ubukene buhari buzohera ari uko uburongozi buzokwitaho abanyagihugu bukabaronderera inzira y’ugutera imbere.