Amakuru
31 octobre 2022

Abarundi basaba ubuhungiro barakwiye kubuhabwa kubera ubwicanyi buri mu gihugu

Ku wa 20 Gitugutu uyu mwaka, igihugu ca Serbie carahagaritse ingendo z’Abarundi bakigana badasavye uruhusha bita visa. Kuva mu ntango z’uno mwaka, abaharurwa mu 20 000 ni bo baciye muri ico gihugu ca Serbie bagana ibindi bihugu bigize Ubumwe bwa Buraya aho baheza bagasabayo ubuhungiro. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje ko abazokwirukanwa inyuma y’ukubura ubuhungiro, bazoca bakurikiranwa mu butungane bagishika mu gihugu. Ku bwiwe, ngo iyo basaba ubuhungiro, babanza gucapfuza isura y’igihugu.
Mbega amategeko yoba avuga iki kuri ico kibazo ?