Amakuru
12 novembre 2021

Abarundi barakeneye kumenya akamaro k’urucanco rukinga Corona

Abarundi barakeneye inyigisho zibahimiriza ku neza yo gukurikiza amategeko yo kwirinda ikiza ca Corona n’iyo kwicandagisha ico kiza. Ni muri iyo ntumbero urunani rw’amashirahamwe y’Abarundi baba mu bihugu vya Buraya bazotanguza isekeza ry’indwi zibiri kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 15 Munyonyo 2021. Oscar Butare, arongoye urunani FODIB, akanegura ko ico gikorwa cari ica leta ariko yigira sindabibazwa.