Amakuru
11 avril 2023

Abarundi barahemukiye intumbero ya Rwagasore kuva agipfa gushika n’ubu

Haraheze hafi ukwezi Icibutso c’incungu yo kwikukira Ludoviko Rwagasore mu ntara ya Karusi kibomowe n’abantu bataramenyekana. Gushika n’uno munsi ntikirasubira kwubakwa. Kikibomorwa, ku mbuga ngurukanabumenyi abenshi bandika batangara bibaza ukuntu ico cibutso kitari kure y’ibiro vya Buramatari bisanzwe bicungerewe n’abajejwe umutekano cabomowe ntibatabare. Muganga Alphose Rugambarara, umushakashatsi muri Kahise, aratubwira ico kubomora ico cibutso bisigura hamwe n’uko abajejwe intwaro bari bakwiye kuvyifatamwo kugira incungu yo kwikukira ihabwe iteka ibereye.