Abarundi bamwe bamwe bavuga ko batinya kwicandagisha umugera wa Corona mu Burundi, bamwe ngo ni kubera imvo zo gutinya ko bashobora gufatwa nk’ukuvuguruza leta, abandi bagatinya ko incanco zihari ari izituruka mu gihugu c’Ubushinwa. Bamwe muri bo bagahitamwo rero kuja mu bihugu bibanyi kwicandagisha yo. Ivyo bivugwa n’abanyagihugu batashimye kwivuga amazina. Hakaba ari inyuma y’aho Uburundi butanguriye kuri uyu wa 18 Gitugutu 2021 ibikorwa vyo gucandaga abanyagihugu mu kwirinda ikiza ca Corona.
Amakuru
28 octobre 2021