Amakuru
14 mai 2024

Abarundi bakeneye abategetsi bashobora kubakingira no kubateza imbere (M.L. Baricako)

Uburundi hageze aho bukenera urukingo mpuzamakungu, kuko ubutegetsi bumaze kwerekana ko budashoboye gukingira abanyagihugu n’igihugu. Ivyo bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akavuga ko kwama ubutegetsi bwegeka amabi yose abaye ku Burundi ku bandi bantu ata ho bizobushikana. Marie Louise Baricako akabona ko hakenewe abategetsi bashoboye koko gukingira Abarundi no kubateza imbere.