Amakuru
10 juin 2022

Abarundi bahamagarirwa kugira ubumwe kugira bubake igihugu cabo

Mu Burundi, ngo hari ubwoko butatu bw’abantu ugereranije n’ibindi bihugu ariko bikagorana ko Abarundi babana. Vyashikirijwe na Domitien Ndayizeye, yahoze arongoye igihugu c’Uburundi, hari kuri uyu wa gatatu aho hibukwa imyaka 2 iheze uwahoze ari umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ashengeye. Ku bwiwe, ngo vyari bikwiye ko Abarundi bakoresha ubwenge bwabo kugira bateze imbere igihugu aho guhigana.