Amakuru
7 février 2024

Amasezerano ya Arusha arahambaye kuko yaje gushimangira ubumwe bw’Abarundi (D. Ndayizeye)

Amasezerano ya Arusha ntiyaje gusenyura Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi, ahubwo yaje kubushigikira kubera bwari bwaratosekaye. Uwo mwihwezo ni uwa Domitien Ndayizeye, yahoze arongoye Uburundi. Hari mu kiganiro cari citabiriwe na Evariste Ndayishimiye buca hahimbazwa umunsi mukuru w’Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi. Ku bw’uwo yahoze arongoye Uburundi, ubumwe bw’Abarundi bumeze nk’imbono Abarundi bose bategerezwa kubandanyamwo kugira Uburundi bukire.