Abarundi bagera ku bihumbi 321 ni bo bari mu muce w’abimukira babaye mu bihugu vyo hanze. Amafaranga agera ku miliyoni 45 z’amadolari y’Abanyamerika ni yo ava muri abo Barundi akinjira mu gihugu ku mwaka ku mwaka, nk’uko biri mu cigwa cakozwe n’Ishirahamwe Ensemble pour une Afrique Prospère, rihurikiyemwo bamwe muri abo Barundi. Ayo mafaranga ngo ni make cane ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri kano karere, akarorero ni ak’igihugu ca Kenya kiza ubwa mbere mu ntererano y’abimukira bayo binjiza ayarenga imiliaridi zitatu z’amadolari y’Abanyamerika. Ni mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA, hamwe na Télé Renaissance mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura ».
Amakuru
30 juillet 2022