Amakuru
16 mai 2023

Abaririmvyi babwirizwa kwumvikana n’ubuyobozi kugira ibikorwa vyabo bishigikirwe

Umuririmvyi yumva ko akazi kiwe katubahirijwe yokwegera aciye bugufi ababijejwe bakamutunganiriza. Ni akagohe Léonce Ngabo, yatanguje Urunani rw’abaririmvyi mu Burundi, yavuniye abaririmvyi. Abivuga mu gihe hagize iminsi ukutumvikana hagati y’abaririmvyi hamwe n’ikigo c’igihugu kijejwe gucungera uko amakuru ashikirizwa (CNC). Kuri we ngo gukorera mu gihugu udashigikiwe n’ubuyobozi nta ho bishikana umuntu.