Amakuru
5 novembre 2021

Abarimyi b’Abarundi bakwiye kwimenya mu kurima no gucuruza umwimbu wabo w’ibigori

Leta y’Uburundi irakwiye kureka abarimyi bakimenya mu kurima no kudandaza ibigori, kuko ingingo yayo yaje kubasubiza inyuma. Babona ko ingingo leta yafashe yo kubashingira ibiciro ifasha gusa abasanzwe babirangura, nabo bakaba ari abadandaza bakomeye basanzwe ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Abarimyi bo mu ntara zitandukanye babona ko iyo ngingo ishobora gutuma badasubira kwitaho ico giterwa gisanzwe kiri mu bitunze imiryango mu turere tumwe tumwe tw’Uburundi. Ni mu rukurikirane rw’ikiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », mushikirizwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru radio Inzamba, radio RPA na Télévision Renaissance.