Amakuru
19 juillet 2023

Abapfungwa babandanya gukorerwa ihohoterwa mu mabohero y’igihugu

Ihohoterwa ry’abanyororo, ugusinzikariza ubuzima gukorerwa bamwe mu banyororo, ikena ry’imfungurwa ryibonekeza, hamwe n’abanyororo bapfungwa hadakurikijwe amategeko, ivyo ni bimwe mu biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi. Ico cegeranyo kikaba cerekeye amatohoza yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika mu kwa Ruheshi uno mwaka. Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, muri ico cegeranyo, ACAT-Burundi isaba leta n’inzego zijejwe gukurikirana amabohero, kwikubita agashi bagakurikirana ubuzima bw’abapfungwa.