Amakuru
23 novembre 2021

Abanywanyi 19 ba RED-Tabara bariko baraborezwa igufa mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Abantu 19 bagirizwa ko ari abarwanyi b’umuhari RED-Tabara baherutse gushikirizwa Uburundi batanzwe n’igihugu c’Urwanda, muri kino gihe ngo bariko bahohotererwa aho bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Iryo shirahamwe riboneraho akaryo ko kwiyamiriza ihonyangwa ry’agateka k’abanyororo risa n’iryimonogoje mu mabohero amwe amwe yo mu gihugu nka Mpimba, Muramvya, Rumonge na Gitega. ACAT-Burundi isaba ubushikiranganji bw’Ubutungane kwikubita agashi, bugakora ibishoboka vyose kugira ngo agateka k’abanyororo kubahirizwe.