Amakuru
17 décembre 2021

Abanyororo barafise uburenganzira bwo kubaho n’ubwo gukingirwa n’aho baba batidegemvya

Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) rihamagarira leta y’Uburundi kugira amatohoza yimbitse kandi yigenga ku muriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega, rigahitana abanyororo kugeza ubu batarahurizwako igitigiri. Mw’itangazo iryo shirahamwe rwasohoye kuri uyu wa kane, risaba kandi leta kwereka imiryango y’ababuze aho ababo bashinguwe kugira bapfubanwe iteka, igireko ishinge umunsi umwe Abarundi bunamira abantu bahitanywe n’uwo muriro. Me Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, akabona ko ubwinshi bw’abanyororo bari mu mabohero ari mu gihugu bushobora kuzozana izindi ngaruka z’agahomerabunwa nk’izo.