Amakuru
11 décembre 2021

Abanyororo bahitanywe n’umuriro bategerezwa guhambanwa iteka

Abanyororo bahiriye mw’ibohero ry’i Gitega bari bakwiye guhambanwa iteka. Bivugwa na Petero Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe (APRODH). Abivuze inyuma y’aho hari inkuru zivugwa ko bishoboka ko abo banyororo bahitanywe n’uwo muriro boba bahambwe mu kinogo rusangi kandi imiryango yabo idahari. Petero Claver Mbonimpa amenyesha kandi ko abapfuye barenga cane igitigiri ca 38 cavuzwe na leta.