Amakuru
5 janvier 2022

Abanyeshure bose biga mu mashure y’uburaro basabwa kwipimisha Corona

Abanyeshure bose biga mu mashure y’indaro hamwe n’abarezi babo bategerezwa kwipimisha umugera ca Corona imbere yo kwinjira mu bigo vy’amashure. Umushikiranganji w’Amagara y’abantu muganga Sylvie Nzeyimana yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Umushikiranganji yaboneyeho no kwongerako umunsi umwe ku kiringo cari catanzwe kugira abo banyeshure n’abarezi babo bipimishe.