Amakuru
6 mai 2023

Abanyagihugu bo mu Gatumba bategerezwa kujanwa ahandi hantu hadaterwa n’amazi

Abanyagihugu bo mu Gatumba ntibagisinzira kubera imyuzurira y’amazi avuye ku mvura nyinshi n’uruzi Rusizi. Ubu ho hajemwo n’amarira kubera amazi yatwaye abantu batanu muri iyi ndwi turiko turasozera. Ayo magorwa abo banyagihugu bakaba bayarimwo imyaka n’imyaka. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi baharanira ingendo nziza (RCP), asaba leta ko yotorera umuti urama ico kibazo, maze abo banyagihugu bakimurirwa mu bibanza vyotuma babaho neza nk’abandi Barundi.