Amakuru
1 mars 2021

Abantu bose basatiriye ikiyaga Tanganyika mu kwubaka, bategerezwa kwisamburira bonyene

Abantu bose basatiriye ikiyaga Tanganyika mu kwubaka, ngo bategerezwa kuvyisamburira bonyene. Ivyo vyavuzwe kuri uyu wa gatanu na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi. Deo Guide Rurema amenyeshako kwubaka ku nkengera z’ikiyaga bibuza abantu kwishikira kuri ico kiyaga kwirabira ubwiza bwaco.