Amakuru
25 mars 2022

Abantu barenga 7000 batowe igituntu mu 2020, vyerekana ko iyo ndwara ikihari mu Burundi

  1. Itariki 24 Ntwarante ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igituntu. Mu Burundi, uwo munsi ukazohimbazwa muri Ndamukiza kw’itariki itaramenyekana. Ariko rero umushikiranganji w’Amagara y’abantu yamaze gushikiriza uko iyo ndwara yifashe mu Burundi. Muganga Sylvie Nzeyimana akavuga ko Abarundi bategerezwa guhimirizwa mu kwikingira no kwivuza iyo ndwara. Na cane cane ko mu 2020, hatowe abantu barenga ibihumbi 7 bayirwaye.