Amakuru
7 octobre 2021

Abantu bababa 50 baragandaguwe, abandi baranyuruzwa mu kwezi kwa Nyakanga 2021

Abantu 43 nibo bagandaguwe, 5 baburwa irengero, 50 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko hamwe n’abandi 140 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahmwe rirwanya ihohoterwa ry’abantu (ACAT-Burundi) gisohoka buri kwezi nk’uko bishikirizwa na Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe. ACAT-Burundi igasaba leta gukingira abanyagihugu na cane cane mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.