Amakuru
8 décembre 2021

Abantu 38 bahitanywe n’umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega

Abantu 38 ngo nibo bapfuye, 69 barakomereka cane. Ivyo vyabereye mw’ibohero rikuru ry’i Gitega aho bari basanzwe bapfungiwe. Bikaba vyavuye ku muriro wadutse mu bucagucagu isaha icumi zo mu gitondo kuri uno wa kabiri. Ubuyobozi bw’iryo bohero bukavuga ko uwo muriro woba watewe n’intsinga z’umuyagankuba zashizweho mu buryo butari bwo. Inyuma y’aho iryo bara ribereye, haciye hashika abategetsi batandukanye, harimwo Prosper Bazombanza, icegera c’umukuru w’Igihugu. Akaba yasavye umushikiranganji ajejwe gufatana mu nda ko yofatanya n’ubundi bushikiranganji kuraba ico bokora mu maguru masha ngo bagarukire abo barokotse muri iryo sanganya.