Abantu mirongo ibiri n’icenda nibo bishwe, mirongo ibiri na batanu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko hamwe n’umuntu umwe yasinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) co mu kwezi kwa Ntwarante 2022. Ku bwa Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, abakora ayo mabi ni bamwe mu bari mu nzego z’iperereza, abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Augustin Nimubona agasaba ubutegetsi kugira amatohoza ku bantu batorwa ibiziga hamwe no kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu.
Amakuru
4 avril 2022