Amakuru
4 avril 2022

Abantu 29 baragandaguwe mu kwezi kwa Ntwarante 2022, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu mirongo ibiri n’icenda nibo bishwe, mirongo ibiri na batanu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko hamwe n’umuntu umwe yasinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) co mu kwezi kwa Ntwarante 2022. Ku bwa Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, abakora ayo mabi ni bamwe mu bari mu nzego z’iperereza, abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Augustin Nimubona agasaba ubutegetsi kugira amatohoza ku bantu batorwa ibiziga hamwe no kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu.