Amakuru
6 janvier 2022

Abantu 28 nibo bagandaguwe mu kwezi kwa Kigarama 2021 nk’uko biri mu cegeranyo ca ACAT-Burundi

Abantu 28 barishwe, 2 baraburwa irengero, 14 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, hamwe na 21 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo biri mu cegeranyo c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) co mu kwezi kwa Kigarama 2021. Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza, babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Augustin Nimubona agasaba ubutegetsi kugira amatohoza ku bantu bagize iminsi batorwa ibiziga hamwe no gukingira umutekano w’abanyagihugu.