Amakuru
4 décembre 2021

Abantu 28 baragandaguwe, abandi bakorerwa amabi atandukanye kubw’icegeranyo ca ACAT-Burundi

Abantu 28 nibo bamenyekanye ko bishwe, 4 baranyuruzwa, 10 bahagarikwa hadakwirikijwe amategeko n’abandi 20 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) c’ukwezi kwa Munyonyo 2021. Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, asaba leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ikingire abanyagihugu bose.