Amakuru
2 mars 2022

Abantu 26 barishwe mu kwezi kwa Ruhuhuma 2022, Imbonerakure ziri mu bikekwa muri ubwo bwicanyi

Abantu 26 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 2 baraburwa irengero nayo abagera kuri 14 barasinzikarizwa ubuzima mu buryo butandukanye. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi), icegeranyo gishira ahabona amabi yakozwe mu kwezi kwa Ruhuhuma 2022. Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, amenyesha ko abakora ayo mabi ari cane cane abakozi b’iperereza hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure. Abakorerwa ayo mabi nabo hagwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe CNL n’abasoda bahoze mu gisirikare ca kera, abo bita aba ex-FAB.