Amakuru
3 février 2022

Abantu 23 barishwe, hakorwa n’ayandi mabi mu kwezi kwa Nzero 2022

Abantu mirongo ibiri na batatu nibo bishwe, bane baranyuruzwa, cumi na bane barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, hamwe n’abandi batanu basinzikarijwe ubuzima. Bishikirizwa na Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) mu cegeranyo co mu kwezi kwa Nzero 2022. Augustin Nimubona amenyesha ko ayo mabi akorwa na bamwe mu bari mu nzego z’iperereza, babifashijwemwo n’Imbonerakure hamwe n’abapolisi. Augustin Nimubona agasaba ko Leta y’Uburundi yohagarika ubwo bwicanyi, ikagira n’amatohoza kuri ivyo biziga biguma bitorwa.