Amakuru
23 juin 2021

Abantu 14 barapfuye, muri bo harimwo abakenyezi 3 n’umwana 1

Abantu 14 barapfuye, muri bo harimwo abakenyezi 3 n’umwana 1, hamwe n’ibiziga 5 vyatowe hirya no hino mu gihugu. Ivyo biri mu cegeranyo umuhari Iteka wasohoye mu ndwi yo kuva ku wa 14 gushika ku wa 20 Ruheshi umwaka w’2021. Anschaire Nikoyagize, arongoye uwo muhari, akavuga kandi ko imvo zituma ubwo bwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu harimwo kwihorana, abandi bakaba batamenya uwabishe. Akamenyesha kandi ko mu bagirizwa ubwo bubisha harimwo urwaruka rw’Imbonerakure.