Amakuru
3 mai 2024

Ishirahamwe Iteka rimaze guharura abantu barenga 1 000 bishwe ku ntwaro ya Ndayishimiye

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rirarajwe ishinga n’ubwicanyi bwimonogoje kuva Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi haraheze imyaka irenga ine. Muri ico kiringo cose, ishirahamwe Ligue Iteka ryasanze abantu barenga igihumbi barishwe n’abantu n’ubu bataramenyekana. Anschaire Nikoyagize, arongoye iryo shirahamwe, ababazwa n’uko benshi muri abo bishwe baciye bahambwa ata n’amatohoza arinze gukorwa, agasaba amakungu gukurikiranira hafi ayo mabi akorwa mu Burundi.