Amakuru
26 janvier 2024

Icegeranyo ca Ligue Iteka mu mwaka w’2023 aho abantu bababa 500 bishwe

Abantu 495 ni bo bamenyekanye ko bishwe mu mwaka uheze w’2023, abagera 795 na bo barahagarikwa hadakurikijwe amategeko muri ico kiringo nyene. Ivyo biharuro tubisanga mu cegeranyo c’umwaka uheze casohowe n’umuhari Iteka. Anschaire Nikoyagize, arongoye iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, ababazwa n’uko mu mwaka uheze ata karusho kigeze kaboneka mu bisata vyose, ahubwo ibijanye n’uburenganzira bwa kiremwa muntu n’umutekano bikaba vyateye vyunyuka kurusha iyindi myaka iheze.