Amakuru
29 juin 2022

Abana bose bavukana bafise uburenganzira bwo gutorana ku matungo y’umuryango

Abana bose ata wuvuyemwo bategerezwa gutorana ku matungo y’abavyeyi babo kuko bose bangana imbere y’amategeko. Vyamenyeshejwe mu ndwi iheze n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yagendera abanyagihugu mu ntara ya Rumonge. Iyo mvugo ikaba ishimisha umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, imvugo ibonwa nk’intambwe mu rugamba rwo gutorana kw’abakenyezi n’abigeme mu Burundi.