Amakuru
10 janvier 2023

Abana bo mw’ibarabara, imwe mu ngaruka z’intwaro mbi iri mu Burundi

N’aho leta yafashe ingingo yo gukura abana basega mw’ibarabara, abo bana ntibatevye kugaruka, uno munsi bakaba basubiye kwibonekeza ku bwinshi mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura. Ibiro vy’igisagara ca Bujumbura biriyemerera ko ico kibazo gisigaye kibarengeye, baza barakirungitse muri leta. Iyo na yo bayisaba y’uko hokwubakwa hagati mu gihugu ibigo vyakira abo bana.
None umuzi w’ico kibazo woba ari uyuhe kugira kizoronke umuti urama ?