Amakuru
30 novembre 2023

Abana bategerezwa kugishwa inama ku mugambi wo kubafasha (Gaspard Kirombo)

Umugambi wa leta wo gukura abana mw’ibarabara ukenera integuro ikomeye ku bana ukabereka ko ari umugambi wo kubagirira neza kandi bazofatwa neza n’ikigo bagiye kubamwo. Izo ni impanuro za Gaspard Kirombo, yanonosoye ivyigwa bijanye n’imibano, akaba abishikirije inyuma y’aho ubushikiranganji bwo Gushigikirana bufashe ingingo yo gufata bamwe muri abo bana bakabatwara mu kigo bateguye kiri mu ntara ya Cankuzo. Amenyesha ko abo bana baja kuba mw’ibarabara kubera indyane zirangwa mu miryango, canke kubera bavutse ku muvyeyi yafashwe ku nguvu. Atera akamo leta ko yobanza gutegekanya inyigisho zishobora guhumuriza abana ko babashakira ineza. Gaspard Kirombo akaba yabivuze mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » mu runani rw’ibimenyeshamakuru RPA, Inzamba na Télé Renaissance.